Amakuru
29 février 2024

Leta y’Uburundi ikwiye kuganira n’umuhari RED-Tabara (L. Ngendakumana)

Ibiganiro hagati ya leta y’Uburundi n’umuhari RED-Tabara ni vyo vyonyene bishobora kugarukana umutekano, na yo inzira y’ibirwanisho ntaho ishikana. Ivyo bivugwa na Léonce Ngendakumana, akaba yabivugiye kuri télévision Isanganiro ku wa kabiri, akaba yabishikirije nk’umwe mu bagize urwego rw’inararibonye mu muryango w’ibihugu vya Afrika yo hagati. Léonce Ngendakumana akaba yabivuze inyuma y’igitero cagizwe n’uwo muhari ku munsi w’Imana uheruka kigahitana abantu 9 mu ntara ya Bubanza, komine ya Gihanga. Léonce Ngendakumana avuga kandi ko yamye yigisha ko indyane zose zihezwa n’ukuganira.