Amakuru
27 avril 2024

Abarundi bakwiye kwigira kuri kahise, bagatsimbataza ubumwe (L. Ngendakumana)

Uno munsi itariki 26 Ndamukiza wari ukwiye kubera isomo Abarundi bose kugira ngo ntibize bisubire, abategetsi na bo bakubahiriza amasezerano atandukanye hagati y’Abarundi. Bishikirizwa na Léonce Ngendakumana, ari mu rwego rw’inararibonye z’umugambwe Sahwanya-FRODEBU. Ku bwiwe, Abarundi bakwiye kuja hamwe bakambara umwambaro w’Abarundi, ivy’amoko bakabivamwo ahandi ho igihugu kizogenda akagirire.