Amakuru
19 septembre 2022

Leta y’Uburundi ikwiye gutunganiriza abakozweko bose n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza

Leta y’Uburundi irakwiye gufata ingingo zijanye n’urubanza ruherutse gucibwa n’igisata c’iyungururizo ca Sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko (EAC) ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Ukwo ni ko Pierre Claver Mbonimpa, aharanira agateka ka zina muntu, akaba kandi yarakozweko n’amabi yakomotse kuri ico kiringo abivuga. Iyo sentare ikaba yemeje ko ico kiringo ca gatatu caciye kubiri n’Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Ku bwiwe, zimwe muri izo ngingo ni uko abapfunzwe bose bazira kuba bararwanije ico kiringo barekurwa bakaza guterera mw’iterambere ry’Uburundi.