Amakuru
23 mai 2023

Leta y’Ubuganda irakwiye kwitaho gukingira umutekano w’impunzi

Impunzi z’Abarundi ziba mu gisagara ca Kampala ziratewe amakenga n’ubwicanyi budasiba guhitana bamwe muri bo. Ubwicanyi bafatirako bwa hafi, ni ubw’uwitwa David Niyokindi, yagandaguwe mw’ijoro ryo ku munsi kane mu ndwi iheze, muri karitiye imwe yo mu gisagara ca Kampala. Uwuserukira izo mpunzi mu gihugu c’Ubuganda aremeza ko amaze kwitura inzego z’ico gihugu kugira hashobore gukorwa amatohoza yigenga abakora ubwo bwicanyi bashobore kumenyekana. Damien Nyabenda ariko agasaba izo mpunzi kwigengesera kugira ntihagire abasubira kugwa muri iyo mitego, mu kurindira ico leta y’Ubuganda yokora.