Amakuru
16 décembre 2022

Leta yategerezwa gufata icemezo co kurwanya ihohoterwa rikorerwa abakenyezi

Abakenyezi 6 ni bo bakorewe ihohoterwa rifatiye gu gitsina, hari abakobwa b’imiyabaga 4, umukenyezi umwe akorerwa ihohoterwa mu rugo, 5 baricwa harimwo n’umwana w’umucuko. Ivyo bitigiri biri mu cegeranyo c’ukwezi kwa Munyonyo 2022 casohowe n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Claudine Ndayishimiye, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru mu muhari MFFPS, asaba leta guhagarika ihohoterwa iryo ari ryo ryose rikorerwa abakenyezi, abakobwa ndetse n’abana.