Amakuru
26 février 2024

Leta yashinze ko ata muntu azosubira kuba mu nzego nshingwantwaro zibiri mu Burundi

Leta y’Uburundi igiye gutunganya gushasha ibijanye n’amashirahamwe ya leta. Mu bizohinduka, hariho ko ata muntu azosubira kuja mu nzego nshingwantwaro zirenga zibiri. Vyizwe mu Nama nshikiranganji yo ku munsi wa gatatu w’indwi iheze. Umushikiranganji w’Ubutungane yazanye iyo nteguro, yemeza ko uno munsi hari amategeko ya kera atakijanye n’igihe Uburundi bugezemwo. Mu cegeranyo c’iyo Nama nshikiranganji casomwe na Jérôme Niyonzima, umunyamabanga mukuru wa leta, ngo hari inzego nshingwantwaro usanga zikoresha uburyo bwinshi kandi ivyo bisata ata mafaranga vyinjiza.