Amakuru
16 septembre 2021

Leta yasavye amashirahamwe akoresha imitahe ya leta ariko arahomba kuyishikiriza uburyo yonagurwa

Amashirahamwe ya leta asabwa kwerekana umugambi urashe werekana ukuntu ubutunzi bwayo bwogarukirwa. Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji wa mbere w’Uburundi, yabivugiye mu nama yamuhuje n’abarongoye ayo mashirahamwe kuri uyu wa kabiri. Yanaboneyeho guhimiriza ayo mashirahamwe ngo yishuze amadeni yose aheranywe gutyo bamenye amashirahamwe bigikunda ko abandanya akora be n’ayugara.