Amakuru
9 décembre 2021

Leta yaradohotse kw’ibanga ryo gukingira abanyororo. Itegeko rivuga iki?

Imiryango y’ababuze ababo mw’ibohero rya Gitega irashobora gusaba inshumbusho kuri leta y’Uburundi kubera itaranguye ico yategerezwa gukora mu gukingira abanyororo. Ivyo ni ibivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi (CAVIB), akanamenyesha ko parike nkuru yategerezwa gushiraho umurwi ugira amatohoza ku catumye ibohero ryadukamwo umuriro wahitanye abanyororo batari bake, abandi nabo bagakomereka.