Amakuru
10 juillet 2024

“Leta nireke abahora bazana igitoro kera basubire bakizane” (G. Kobako)

Insiguro zose zitangwa n’abategetsi b’Uburundi kw’ibura ry’igitoro rigisibije nta n’imwe ifashe. Gaspard Kobako, arongoye umugambwe AND, arerekana ingene izo nsiguro atari zo. Kuva ku mukuru w’Igihugu gushika ku mushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu, eka n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, kuri we bose bavuga ibitari vyo. Ufatiye ku ngwano iri hagati ya Ukraine n’Uburusiya, canke ko imodoka zoba zarabaye umurengera. Gaspard Kobako yabivuze ariko yishura ku bibazo vya bagenzi bacu bo kuri television Isanganiro, agasaba ko leta yoreka abahora bazana igitoro kera bagasubira kubikora.