Amakuru
22 décembre 2022

Leta ni yo itegerezwa gusubiza ibintu mu buryo kugira impunzi zitahuke

Leta y’Uburundi ihamagarirwa kwishura ku bibazo bibuza impunzi gutahuka nk’uko vyashikirijwe na bamwe mu mpunzi zashoboye guhura n’umurwi wa leta uherutse mu Rwanda. Uwo murwi ukaba warashoboye kuvugana n’abaserukiye impunzi ziba mu bisagara no mw’ikambi ya Mahama. Nk’uko bivugwa na Gervais Nibigira, umwe mu mpunzi zavuganye n’uwo murwi, uwo murwi ukaba wari uje gutera akamo impunzi ngo zitahuke. Mu vyo bashikirijwe, basabwe kwubahiriza agateka ka zina muntu muri rusangi, guhagarika ubwicanyi n’ishirwa mu ngiro ry’urubanza ruherutse gucibwa na Sentare ya EAC.