Amakuru
26 août 2023

Leta izorondera abandi bantu iha ibibanza bitubatse ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika

Ibibanza biri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika bitubatse bitegerezwa gusubizwa leta. Vyamenyeshejwe ku munsi wa gatatu n’umushikiranganji w’Inyubako. Dieudonné Dukundane yari yaramutse agendera aho hari ivyo bibanza. Akavuga ko uko ari kwo amasezerano ari hagati y’abo bantu na leta abitegekanya.