Amakuru
19 mai 2022

Leta itegerezwa guhoza imiryango y’abasirikare baheruka kugandagurirwa muri Somaliya

Leta yari ikwiye kuva mu gacerere igashikiriza ijambo ry’ihumure ku miryango yabuze ababo mu basirikare bapfiriye mu gihugu ca Somaliya. Bishikirizwa na Domitile Habonimana, umunyamabanga w’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, MFFPS/igisata ca Afrika. Ni mu gihe haheze iminsi intagondwa za Al-Shabab zikoze igitero ku kirindiro c’abasirikare b’Uburundi, abababa 40 mu basirikare bakahasiga ubuzima. Domitile Habonimana akavuga kandi ko imiryango myinshi kugeza ubu itazi y’uko ababo bakiriho canke bapfuye.