Amakuru
25 janvier 2022

Leta ikwiye kwerekana neza icatumye haduka umuriro waturiye ibohero rya Gitega

Leta y’Uburundi isabwa gukora amatohoza yigenga ku catumye ibohero rya Gitega risha, imiryango y’ababuze ababo ikamenya iyo ababo bahambwe n’igitigiri nyaco c’abahasize ubuzima. Bisabwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch mw’itangazo ryashikirije kuri uyu munsi wa mbere. Lewis Mudge, arongoye iryo shirahamwe mu bihugu vya Afrika yo hagati, avuga ko kubona hafi amezi abiri agira ahere ata kuri kuramenyekana bituma ababuze ababo bama mu mubabaro n’agahinda.