Amakuru
25 novembre 2022

Leta igira nkana mu kwigirisha ko itazi ukuri ku bimenyeshamakuru ivuga nabi

Abamenyeshamakuru baratera ivyatsi amajambo y’Icegera c’umukuru w’Igihugu. Ku bwa Innocent Muhozi, arongoye ikigo gicungera uko ibimenyeshamakuru bikora, OPB, ngo leta irazi neza ko abamenyeshamakuru bamye bakora bubahiriza amategeko. Atanga n’uturorero dutandukanye twerekana ingene leta ahubwo ari yo idahengeshanya gutoteza abamenyeshamakuru.