Amakuru
19 mai 2023

Kwumvikanisha abari mu matati, ni co gikorwa c’abahuza bo ku mitumba

Abahuza bo ku mitumba nta burenganzira bwo guca imanza bafise. Bivugwa na Martin Niteretse, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Hari mu nama yagirishije abanyagihugu bo muri komine Ntahangwa ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 16 Rusama. Martin Niteretse yabamenyesheje ko igikorwa c’abahuza ari ukwumvikanisha abantu bari mu matati.