Amakuru
9 août 2022

Kw’Īsôko: Inama nkuru y’Ubucamanza igiye gukora nk’amasentare mu Burundi

Umuntu wese adashimye urubanza ntabanduka yaciriwe arashobora kwitura Inama nkuru y’Ubutungane. Urwo rwego ubu rwarahawe ububasha bwo kwakira imanza. Leta y’Uburundi ikabona ko ivyo bizoza bisahiriza Ubutungane kwuzuriza ababwituye. Ariko bamwe mu bize ivy’amategeko bavuga ko ivyo bije gushimangira ingendo ya leta yo kwifatira mu kwaha urwego rw’Ubutungane.