Amakuru
12 juillet 2023

Kwinjiza muri kaminuza za leta abana bazoba batoye ikibazo bituma bakora mu guhiganwa

Abanyeshure bazoronka amanota meza mu kibazo gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza za leta bazoca batangura kaminuza batarindiriye umwaka nk’uko vyahora. Ivyo baraye babisezeraniwe n’umushikiranganji w’Indero n’ubushakakatsi, Pr François Havyarimana. Akaba yabivuze igihe yariko aragendera ibibanza bimwe bimwe biriko bikorerwamwo ico kibazo catangujwe icese kuri uyu wa kabiri uheze. Amenyesha ko ivyo babigize kugira abanyeshure bakorane ishaka ryinshi baze baronke amanota meza.