Amakuru
22 avril 2024

Kwigisha urwaruka amateka y’ihonyabwoko kuragoye ariko ni nkenerwa (F. Lyamukuru)

Urwaruka rutegerezwa kumenya amateka y’ihonyabwoko. Ni wo muti nyamukuru wo kugira ivyiyumviro vy’ihonyabwoko bituzwe, kugira ntirizosubire kuba. Bishikirizwa na Félicité Lyamukuru, yarokotse ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda mu 1994, akaba ari umwanditsi, anarongoye n’ishirahamwe Ibuka Belgique. Avuga ko kwigisha urwaruka ibijanye n’ihonyabwoko ari igikorwa kitoroshe cane cane kubera abarihakana. Ariko rero Félicité Lyamukuru avuga ko ari nkenerwa. Akaba yabivuze yishura ku bibazo vya Innocent Muhozi.