Kuva aho ikiza ca Corona gitereye, ingorane abarundi bahunze bari basanganywe zarongerekanye. Abana b’abigeme baja mu buhumbu be n’imiyabaga y’abahungu ija mu biyayuramutwe baribonekeje ku bwinshi. Ibi bivugwa n’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’Umutekano mu Burundi (MFFPS) inyuma yo gutunganya isekeza mu mpera za kuno kwezi kwaraye kurangiye ryo kurabira hamwe ingaruka z’ikiza ca Covid-19 ku buzima bw’impunzi. Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’uwo muhari, akamenyesha ko iryo sekeza ryarangiye biyemeje ko umurundi wese agiye kuba ijisho rya mugenziwe mu ntumbero yo guhangana n’ingaruka za Covid-19.