Mu Burundi abakoresha ngo ntibaziganiriza kazoza bikwiye abakozi babo. Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji wa Mbere, amenyesha ko bituma abakukuruke baheza bakaronswa udufranga tw’intica ntikize muri INSS, ikigega gitegekaniriza kazoza abakozi. Yabivuze kuri uyu wa gatatu mu nama yabaye hagati y’umushikiranganji wa Mbere n’abokoresha. Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje kandi ko leta igiye kwishura amadeni yose ifitiye INSS.
Amakuru
4 février 2022
