Amakuru
12 octobre 2021

Kubwa Human Rights Watch, umushingwamanza Tony Germain Nkina apfunzwe hadakurikijwe amategeko

Urubanza rwaciriwe Tony Germain Nkina ni inkinamico. Ivyo biri mu rwandiko rwashizwe ahabona n’amashirahamwe mpuzabihugu atandatu, harimwo na Human Rights Watch (HRW). Tony Germain Nkina, umushingwamanza, yari yafashwe itariki 13 Gitugutu muri komine Kabarore mu ntara ya Kayanza, aca yagirizwa gukorana n’imirwi yitwaje ibirwanisho. Uwo munsi yari yaramutse agendera umuntu asanzwe aburanira muri iyo komine. Sentare isubiramwo imanza mu Kayanza ikaba yamuciriye urubanza rwo gupfungwa imyaka itanu. Lewis Mudge, atwara HRW muri Afrika yo hagati, avuga ko ivyo uwo mushingwamanza ahorwa ari uko yari umunywanyi w’ishirahamwe ry’agateka ka zina muntu n’abanyororo APRODH.