Amakuru
9 mai 2023

Kubona MONUSCO yihorera ku bwicanyi buba muri Congo, birateye amakenga ababuranira abakorerwa amabi

Amashirahamwe y’abanyagihugu b’Abacongomani babangamiwe n’imirwi yitwaje ibidwanisho barandikiye ikete umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira bamusabe abakingire. Iyo mirwi yitwaje ibigwanisho ikaba igizwe ahanini n’iyishigikiwe na leta ya Congo ikaba mbere ifashanya n’igisirikare FARDC. Imwe muri iyo mirwi ikaba ari FDLR, Nyatura, CODECO, Wazalendo. Kw’izina ry’urunani rw’ababuranira abo banyagihugu, umushingwamanza Bernard Maingain asaba umunyamabanga mukuru wa ONU gutegeka MONUSCO gukingira abo banyagihugu no kwiyamiriza abatuma ubwo bwicanyi buba.