Amakuru
27 août 2022

Kubona abakenyezi n’abigeme batarekurirwa n’itegeko gutorana bituma bikengera

Kubona abakenyezi n’abigeme batagira uburenganzira bwo gutorana, bituma bumva ko batangana na basaza babo. Bivugwa n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, arongoye Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS), mu kiganiro yagiranye na Télévision Renaissance. Akavuga ko ukwo kwikengera guca gutuma abakenyezi bemera amabi yose bokorerwa mu rugo.