Amakuru
10 décembre 2022

Kubera inyigisho zo kubarira no kwitunganiriza imigambi, impunzi 13 zarasubiranye icizere

Abarundi 13 bahohotewe bararonkejwe inyigisho n’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Me Jeanne d’Arc Zaninyana, arongoye uwo muhari, amenyesha ko ico gikorwa cakuye mu gahinda abo bantu basanzwe bari no mu buhungiro. Baba abigishijwe umwuga wo kubarira canke abigishijwe kwitunganiriza imigambi, ngo bose ubu barafise akanyamuneza.