Amakuru
10 février 2022

Kubanza kwerekana ko warishe ikori imbere yo kuronswa impapuro i Bujumbura, bihonyanga amategeko

Ingingo itegeka ababa mu gisagara ca Bujumbura kubanza kwerekana ko barishe ikori ry’agataka k’aho baba imbere yo kuronswa urupapuro urwo ari rwo rwose irahonyanga amategeko, kandi izojuragiza abanyagihugu. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana amenyeshereje iyo ngingo. Hari kuri uyu w’akabiri mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro. Janvier Bigirimana akibutsa ko amategeko asanzwe ategekanya uko amakori atozwa n’ingene uwutayatanze ayakwa ku neza canke nguvu, ataco bihuriyeko n’uburenganzira bw’umunyagihugu bwo kuronswa impapuro n’abajejwe intwaro.