Amakuru
20 septembre 2023

Ku bwa CVR, Abatutsi ni bo bateguye bongera baratanguza ubwicanyi bwo mu mwaka w’1972

Ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972 bwateguwe n’akarwi k’Abatutsi kagiriye inama i Nyanza-lac mu bumanuko bw’igihugu. Bavyagirizwa na Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umurwi wo kuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR. Yabivugiye imbere y’Inama nshingamateka na Nkenguzammateka, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Nyakanga, aho yari aramutse ashikiriza icegeranyo c’ibikorwa umurwi arongoye waranguye. Avuga ko Abatutsi bagize inama igenekerezo rya 27 Ndamukiza iminsi ibiri imbere y’uko ubwicanyi butangura.