Amakuru
2 mars 2023

KAZE RUGAMBA, igiteramo co guhanahana imico hagati y’Abarundi n’Abanyarwanda

Imico myiza Abarundi n’Abanyarwanda basangiye yategerezwa gukora ku rwaruka kugira rushobore kuyinagura mu ntumbero yo gusubira kwubaka ibihugu 2 bishingiye ku mico n’inyifato yabo bwite. Iyo ni yo ntumbero y’igiteramo kigira kabiri kizoba kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 03 Ntwarante i Kigali mu Rwanda. Kalisa Rugano, akwirikirana ibijanye n’umuco, ni we yatanguje ico giteramo ciswe « KAZE RUGAMBA », kizohuza Abanyarwanda n’Abarundi mu ntambo n’ingoma z’ibihugu vyabo. Kalisa Rugano amenyesha ko muri ico giteramo kandi kazoba ari akaryo ko kwiga kahise ivyo bihugu bisangiye.