Amakuru
28 septembre 2023

Janvier Bigirimana asaba ihagarikwa n’ibihano ku mushikirizamanza mukuru w’i Ngozi

Umushikirizamanza mukuru i Ngozi yategerezwa gufatwa agashirwa imbere y’ubutungane kubera ingendo itabereye afise, mu gutegeka kurekura abantu bagirizwa ivyaha badaciriwe urubanza. Ako ni akamo k’umuhinga mu vy’amategeko Janvier Bigirimana. Uwo mushingwamanza afatira ku karorero k’aho umushikirizamanza Prosper Yamuremye yahanye inyamiramabi zibiri z’i Ngozi mu kuzihindurira aho zikorera (mutation disciplinaire) abahoye ko banse kurekura Imbonerakure yagirizwa kwica umuntu mu gisagara ca Ngozi. Janvier Bigirimana agasaba umushikiranganji w’Ubutungane n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika gufata ingingo zikwiye kuri uyo yitwa ko acungera iyubahirizwa ry’amategeko, ariko akaba ari we ayarenga.