Amakuru
3 juillet 2024

Iyugururwa ry’ikibuga Amahoro gikwije ibisabwa na FIFA

Ni kuri uyu wa mbere itariki 1 Mukakaro hugururwa icese stade Amahoro, iri mu gisagara ca Kigali, umurwa mukuru w’Urwanda, inyuma y’aho isubiwemwo ku madolari angana imiliyoni 160 z’Abanyamerika. Umukuru w’Igihugu Paul Kagame akaba ari we ubwiwe yuguruye iyo nyubakwa ikomeye mu mateka y’Urwanda, ivyo birori kandi bikaba vyahuriranye n’itariki yo kwibuka ukwikukira kw’Urwanda n’Uburundi. Umukuru w’ishirahamwe rya Afrika ry’umupira w’amaguru, Patrice Motsepe, akaba na we yari yaje kwifatanya n’Abanyarwanda muri ivyo birori bidasanzwe.