Amakuru
4 avril 2024

Iyugarwa ry’imbibe n’igihugu c’Urwanda ribandanya ni ikimenyetso ko leta idakunda abanyagihugu bayo

Iyugarwa ry’imbibe Uburundi buhana n’Urwanda rimaze igihe ni ikimenyetso cerekana neza ko abategetsi b’Uburundi ata rukundo na ruke bafitiye abanyagihugu barongoye. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Ku bwiwe, kuva hugawe imbibe z’Uburundi abahahombera cane ni abanyagihugu b’Uburundi bugarijwe n’ubukene n’inzara bitagira izina. Ivyo akaba abivuze inyuma y’aho abavugizi b’umukuru w’Igihugu na leta bemeje ko Uburundi butarota bugirana ibiganiro n’Urwanda mu gihe Urwanda rutemeye gutanga abashatse guhirika ubutegetsi mu 2015. Chauvineau Mugwengezo avuga ko icitwazo c’Uburundi ari imvugo yataye igihe, kuko inzego zari zihari ico gihe ari zo zahonyanze amasezerano y’amahoro y’i Arusha.