Commerce
24 juin 2023

Iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ni kimwe mu bisabwa mu migenderanire y’Uburundi n’Uburaya

Ibiganiro vyitiriwe ivya politike hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya vyarabandanije kuri uyu wa kane itariki 22 Ruheshi. Ikaba yari incuro ya gatanu izo mpande zibiri zihura. Albert Shingiro, umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, avuga ko bashimikiye cane cane ku banyamitahe boza bavuye hanze, agateka ka zina muntu, n’umutekano mu karere.