Amakuru
28 mars 2023

Ivyiyumviro biboze ni vyo vyonyene Rufyiri ashoboye gutanga

Abantu nka ba Rufyiri ntibari bakwiye kuvuga. Ivyo vyihanizwa n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi. Ku bwiwe, ngo ivyo bakora vyose baba biyicariye mu biro i Bujumbura, hanyuma bagaca barondera ivyo barementanya. Mbere Evariste Ndayishimiye akavuga ko ivyiyumviro vya Rufyiri binaboze.