Amakuru
1 octobre 2022

Ivyavuzwe n’umushikirizamanza mukuru wa Republika kuri dosiye Kira Hospital ni ibinyoma

Harabaye ihonyangwa ry’itegeko mpanavyaha mw’ipfungwa ry’umushingwamanza wa muganga. Mu rwandiko basohoye kuri uyu wa gatanu, ababuranira muganga Sahabo imbere y’amasentare atari ayo mu Burundi, barerekana ingene kuva uyo mushingwamanza Sandra Ndayizeye na mwenewabo na muganga Sahabo bafatwa no gushika bapfungwa, amategeko atubahirijwe. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, umwe muri abo baburanira muganga Sahabo mu ma sentare yo hanze, abeshuza ivyasiguwe n’umushikirizamanza mukuru wa Republika kuri uyu wa kane ku co bazize, agasigura ko uko ari babiri bazize ko begereye muganga Christophe Sahabo gusa.