Inkozi z’ikibi zakoze ivyaha ndengambibe zigiye kurwanirizwa hamwe n’ibipoliyo vy’ibihugu 14 vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko hamwe n’ibiri mw’ihembe rya Afrika. Bivugwa na komiseri Roger Ndikumana arongoye igipolisi c’inyamiramabi mu Burundi. Yabitangaje kuri uwu wag atatu, inyuma y’inama y’iminsi 3 yahuje abarongoye ivyo bipolisi mur’ivyo bihugu 14. Roger Ndikumana amenyesha ko iterabwoba, urudandazwa rw’abantu, urw’ibiyayuramutwe biri mu vyaha bigiye gutuzwa ivyo bihugu bikoreye hamwe.
Amakuru
8 mars 2024