Droits humains
11 novembre 2022

Itotezwa Floriane Irangabiye akorerwa n’uwurongoye iperereza i Muyinga ryotegerejwe guhanwa

Inyifato y’uwurongoye iperereza i Muyinga iraterwa ivyatsi n’abaharanira agateka ka zina muntu. Urunani FORSC rubona ko uwo Félix Havyarimana yokurikiranwa. Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa w’urwo runani, aributsa ko Floriane Irangabiye ahorwa umwuga wiwe wo kumenyesha amakuru. Ernest Nkurunziza arongera akavuga ko bamenye ko n’abandi bakenyezi bapfungiwe muri iryo bohero ry’i Muyinga bakubaguwe. Agasaba ko abanyororo bofatwa nk’abandi bantu mu kwubahiriza uburenganzira bwabo.