Amakuru
13 juin 2024

Itorwa ry’Uburundi gutwara igisata ca ONU ntirisigura ko bwari bubikwiriye (L. Nigarura)

Uburundi buherutse gutorwa kugira burongore igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu ku ncuro ya mbere kuva bwinjira mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Abategetsi b’igihugu bavuga ko itorwa ry’Uburundi muri ico kibanza ryerekana icizere amakungu afitiye Uburundi, ivyo abari mu mashirahamwe yigenga mu Burundi batabona kumwe. Ku bw’umushingwamanza Lambert Nigarura, Uburundi ntibwatowe kubera bubikwiriye, nyabuna ni bwo bwari bugezweho kurongora ico gisata nk’uko bitunganijwe n’ishirahamwe ONU. Ku bwiwe, Uburundi ntibwari bukwiye kuja muri ico kibanza. Lambert Nigarura abona ahubwo ko abategetsi bari bakwiye gufata ako karyo nk’amahirwe bakaboneraho guhindura ibishoboka mu gihugu kugira ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rihagarare.