Amakuru
11 mars 2022

Itorwa rya Vestine Nahimana mu kugenzura ibimenyeshamakuru, ntaco rizofasha abanyagihugu

Ngo nta kintu umuntu yokwizera kw’itorwa rya Vestine Nahimana ngo arongore umurwi w’igihugu CNC ujejwe kugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora. Ku bwa Alexandre Niyungeko, arongoye Urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi (UBJ), uwo muyobozi mushasha aje gutuma ibimenyeshamakuru biba nyabuna ibikoresho vy’ubutegetsi. Alexandre Niyungeko avuga ko vyari kuba vyiza hatowe umuntu afise ubumenyi mu mwuga w’ukumenyesha amakuru.