Agriculture
14 juillet 2022

Itoni 18000 z’isukari zitezwe mu 2022, nizo zoba zije kuba inyishu y’ikena ry’isukari ?

Itoni 18000 ni wo mwimbu witezwe mw’ishirahamwe SOSUMO rihingura isukari mu kiringo c’amezi 5 uhereye kuri uyu wa kabiri uheze ku wa 12 Mukakaro 2022. Général Major Aloys Ndayikengurukiye, umuyobozi mukuru wa SOSUMO, akaba yizeza abanyagihugu ko uwo mwimbu uzogabanya ubukene bw’isukari busanzwe bwibonekeza. Ariko rero uko siko abakozi bose ba SOSUMO babibona, bamwe bavuga ko ubukene bw’isukari buva kw’ishorwa mu mpisho mu bihugu bibanyi rikorwa na bamwe mu badandaza.