Amakuru
14 décembre 2023

Ibura ry’amafaranga y’agaciro rituma bigora kurangurira isukari hanze (Marie Chantal Nijimbere)

N’aho ibikorwa vya SOSUMO vyahagaze, abadandaza, co kimwe n’iryo shirahamwe nyene, barafise uburenganzira bwo kurangurira hanze isukari. Ariko rero ivyo bisa n’ibitazoborohera, kubera kugira bishoboke ari uko bose bakeneye amafaranga y’agaciro. Ayo na yo akaba agoye kuronka muri kino gihe mu Burundi. Ivyo ni umushikiranganji w’Ubudandaji avyiyemerera. Marie Chantal Nijimbere akaba yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka ku munsi wa kabiri.