Amakuru
17 mars 2022

Iterambere ridakumira mu nkino, basket y’abigeme igiye gushigikirwa co kimwe n’iy’abahungu

Kuva ubu, inkino z’amaboko basketball, zaba iz’abahungu canke iz’abigeme, zizoshigikirwa ku rugero rumwe. Iyo ngingo yafashwe n’Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball mu Burundi (FEBABU). Ingingo yatangajwe mu kiganiro abarongoye iryo shirahamwe bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru mu mpera z’indwi iheze. Jean Paul Manirakiza, arongoye FEBABU, amenyesha ko bafashe iyo ngingo mu ntumbero yo guteza imbere basket y’abigeme.