Amakuru
31 décembre 2021

Iterabwoba rikorwa n’abategetsi ku bamenyeshamakuru rirerekana ko umwuga ubangamiwe

Imvugo y’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, yishura ku kibazo c’umumenyeshamakuru ku vyabaye mw’ibohero rya Gitega, irerekana neza ko gukora umwuga wo kumenyesha amakuru mu bwigenge bitagishoboka mu gihugu. Uwo ni umwihwezo w’uwurongoye iradiyo Ijwi ry’abanyagihugu (RPA). Ku bwa Bob Rugurika, ngo vyerekana ko Evariste Ndayishimiye azi neza ivyo leta arongoye iriko irafukafuka ku muriro wadutse muri iryo bohero. Agasaba abamenyeshamakuru bakiri mu gihugu kwiyubara mu kazi kabo.