Amakuru
25 janvier 2023

Iteka African Cultural Festival, akaryo ko guhaya imico nyafrika, n’urunani hagati y’abanyagihugu

Urwaruka rwarutse vuba rutegerezwa gukwirikirana kahise k’umugabane wa Afrika biciye mu mico n’akaranga k’abanyagihugu b’ibihugu vya Afrika, mu ntumbero yo gutsimbataza ubumwe n’urukundo. Iryo ni ryo hangiro ry’igiteramo kiriko kirategurwa co kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Nzero mu gihugu c’Urwanda, kizokwitabwa ahanini n’Abarundi, Abanyarwanda hamwe n’Abacongomani. Yannick Niyonzima, umwe mu baserukira amashirahamwe ndangakaranga azoremesha ico giteramo, avuga ko kizoba gifitiye akamaro kanini abazocitabira, kugira bahanahane ibiranga imico y’ibihugu uko bigenda bitandukana.