Amakuru
8 mai 2024

Itegeko rishasha rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ntiricubahiriza gukingira uwatanze inkuru

Umumenyeshamakuru agiye kuzohora avuga aho yakuye inkuru. Biri mw’itegeko rishasha rigiye kugenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi. Iryo tegeko ryatowe n’abashingamateka kuri uyu wa 7 Rusama. Umushikiranganji wo Kumenyesha amakuru Léocadie Ndacayisaba, yari mu Nama nshingamateka kurisigura, yamenyesheje ko kuvuga aho umumenyeshamakuru yakuye inkuru kuzotuma abamenyeshamakuru bavuga amakuru y’ukuri.