Amakuru
11 avril 2024

Itegeko rishasha rigenga amatora rizanye irindi kumira rifatiye ku butunzi (Pascal Gikeke)

Gutegeka uwushaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’Igihugu kubanza gutanga ingwati y’imiliyoni 100 ni ikumira rifatiye ku butunzi. Bivugwa n’umushingamateka Pascal Gikeke. Yariko abaza ibibazo umushikiranganji w’Intwaro yo hagati yariko arasigurira abashingamateka integuro y’itegeko rigenga amatora kuri uyu wa kabiri. Martin Niteretse yabwiye abashingamateka ko iyo ngwati yadugijwe kugira babuze abitoza batabikwiye.