Amakuru
11 novembre 2021

Itegeko rigenga ibidukikije ryarasubiwemwo kubera harimwo ingingo zitakwirikijwe

Itegeko rigenga ibidukikije mu Burundi riheruka gusubirwamwo. Imvo ngo ni uko ingingo nyinshi zari zigize iryo tegeko ryari ryemejwe mu 2000 zitariko zirakurikizwa. Bivugwa na Berchmans Hatungimana, umuyobozi mukuru w’ikigo c’igihugu kijejwe ibidukikije (OBPE). Kimwe muri vyinshi catumye iryo tegeko risubirwamwo ni ukurihisha umuntu wese azokwonona ibidukikije kuko kare uwononye ibidukikije vyabonwa nk’ibintu bisanzwe, ariko ubu azoza arariha ihadabu.