Amakuru
30 septembre 2023

Itegeko rigenga amanama n’imyiyerekano ririmwo utunenge twinshi

Itegeko rigenga amanama n’imyiyerekano ririmwo utunenge tutari duke. Bisigurwa n’umwigisha mu makaminuza Bernard Ntahiraja mu cigwa yagize kuri iryo tegeko, yasanze harimwo intambamyi zitari nke, izo nazo akaba yazishize mu mirwi itatu. Yemeza ko ingorane zitangurira mu gusaba impusha, kandi ata ruhusha abateguye ayo manama canke iyo myiyerekano bategerezwa gusaba. Hambavu yo gusaba impusha, izindi ntambamyi ziri mu ngingo zigenga ibihe vy’imyiyerekano canke amanama, n’igihe iyo myiyerekano canke ayo manama vyaheze. Uwo muhinga asaba leta gusubiramwo ayo mategeko kuko ahonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu.