Amakuru
12 avril 2024

Abahinga barakwiye kugira ivyigwa vyerekana ibiriko bituma inyifato ya Tanganyika (B. Ntahiraja)

Ibihugu bisangiye ikiyaga Tanganyika birakwiye kuja hamwe bikiga icokorwa ku ruzi Rukuga bakoresheje abahinga b’ivyo bihugu kugira barabe uko boha intumbero nshasha urwo ruzi. Icokorwa mu gihe amazi yogabanuka kwoba kwubaka umugende munini wofasha kugira amazi ya Tanganyyika ntasubire gusesa. Ivyo bivugwa n’umuhinga yigisha muri za kaminuza Bernard Ntahiraja. Akaba yabivugiye ku mboneshakure Isanganiro, akaba yabivuze kandi mu gihe amazi ya Tanganyika abandanya kurengera inkombe zayo.