Amakuru
10 novembre 2023

Itangazo ry’igisirikare c’Uburundi ryerekana ko Uburundi bwiyemeje kurwanya M23 (Willy Ngoma)

Leta y’Uburundi yaramaze gufata intumbero yo kurwanya umuhari M23. Umuvugizi w’uwo muhari aremeza kandi ko bagifise abafashwe mpiri mu basirikare b’Abarundi bafashwe bariko barafashanya n’abasirikare ba Congo hamwe n’iyindi mirwi isanzwe ikorana na FARDC. Major Willy Ngoma akaba abivuze inyuma y’aho igisirikare c’Uburundi gisohoreye itangazo ryagiriza M23 kuba barabujije ko ibifungurwa bishikira ibirindiro vyabo. Akaba asaba igisirikare c’Uburundi kutabandanya kibesha abantu ku bikorwa bibi kibandanya gukorera abanyagihugu bo mu turere twamaze gufatwa n’umuhari M23.