Amakuru
12 mars 2022

Isubirwamwo ry’akazi ka leta : umukozi wese azoshirwa mu kibanza kijanye n’impamyabushobozi ziwe

Isubirwamwo ry’akazi ka leta kugira abakozi bakore neza. Niyo ntumbero y’umushikiranganji w’Abakozi n’akazi. Thaddée Ndikumana yarakoranije abakozi b’ubwo bushikiranganji kugira bigire hamwe uburyo boshika kuri iyo ntumbero. Inzira nyamukuru batoye ikaba ari iyo guhindura umukozi wese bakamushira mu bushikiranganji n’ikibanza bijanye n’impamyabushobozi ziwe.