Amakuru
11 décembre 2021

Isi ihanzwe n’ibibazo vyinshi bituma agateka ka zina muntu kaguma gatituka

Isi ihanganye n’amakuba menshi kurusha ibindi bihe, ivyo bikaba vyatumye ubudasa hagati y’abantu bukomera, n’agateka ka zina muntu katubahirizwa kurusha. Ivyo binegurwa na António Guterres, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakundu ONU. Yabivuze kuri uno wa 10 Kigarama, aho amakungu yahimbaza umunsi wahariwe agateka ka zina muntu. Ariko we akavuga ko abantu bafise ubushobozi bwo guhindura ibintu mu buryo bwiza.